Amakuru
17 septembre 2021

Ikigo Maison Shalom ni ubutumwa bw’urukundo bufasha kwubaka Uburundi mu kuva mu ndyane zibugize

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD warihagiye inyubakwa z’ikigo Maison Shalom ziri ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi. Reveriyano Ndikuriyo, umukuru w’uwo mugambwe, akaba yamenyesheje ko agiye kuhashira ishuri ryo kwigishirizamwo abana bakiri bato umupira w’amaguru. Uwatanguje ikigo Maison Shalom, Maragarita Barankitse, akamenyesha ko Maison Shalom ari ubutumwa bw’urukundo, atari ayo mazu bariko baranyaga.