Amakuru
6 janvier 2022

Ikibazo c’impapuro z’inzira cibonekeza kizoherana n’uku kwezi turimwo

Ikibazo c’ukutaronswa impapuro z’inzira ku gihe mu biro biraba ibijanye n’imbibe PAFE, ngo vyatewe n’ubwinshi bw’abazisaba kuva mu mezi aheze. Izo nsiguro zitangwa n’uwurongoye PAFE mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Komiseri Maurice Mbonimpa ariko arahumuriza abasaba izo mpapuro z’inzira ko guhera mu mpera za kuno kwezi kwa Nzero, ico kibazo kitazoba kikiriho.