Amakuru
14 juillet 2022

Ikibazo ca leta kirangiza amashure yisumbuye kiriko kirakorwa mu gihugu cose ata nkomanzi

Ikibazo ca leta kirangiza amashure yisumbuye catanguye neza. Bivugwa n’umushikiranganji w’indero Dr François Havyarimana. Yabivugiye mu ntara ya Makamba aho yari aramutse aja gutanguza ku mugaragaro ico kibazo. Uwo mushikiranganji akavuga ko abanyeshure bazoboneraho no kugenda batoye igisata bipfuza gukwirikirana muri kaminuza.