Abagwizatunga b’Abarundi bahamagarirwa gushira imitahe yabo mu gisata c’amahinguriro kugira Uburundi bushobore guhiganwa mu miryango ya EAC, COMESA na ZLECAF buhurikiyemwo. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’Ubudandaji n’amahinguriro. Akaba yariko atanguza icese politike y’amahinguriro mu Burundi.
Amakuru
25 mars 2022