Amakuru
13 décembre 2023

Ikena ry’igitoro ryabandanije kwibonekeza n’aho abarongoye igihugu baguma batanga icizere

Ibintu biguma biyangara uko iminsi igenda. Ubu ho mu gihugu bisa n’uko ata na hamwe hakivugwa igitoro. N’ikimenyamenya n’imodoka zimaze igihe zitonze imbere y’amastasyo, abatari bake bakaba barihebuye, ubu bakaba bariko bacumukura baja kukironderera muri Congo, na ho nyene bikaba bitaborohera na gato. Igitangaza abatari bake, ni uko leta yo nyene, ibicishije ku mushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu, yari yemeje ko ubu ata nzitizi igihari, igitoro kigiye kuboneka.