Amakuru
24 septembre 2022

Ijambo ry’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ONU

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi arashimishwa n’intambwe igihugu kigezeko aho avuga ko umutekano ari wose mu gihugu, mbere ko Uburundi ari igihugu kiriko kiratera imbere mu bijanye n’ubutunzi ndetse n’umubano. Ivyo Evariste Ndayishimiye yabishikirije mw’ijambo yashikirije imbere y’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriko irabera muri Amerika. Ariko Evariste Ndayishimiye yasavye ashimitse amakungu gushigikira amasezerano ya Nairobi kugira ngo batabare igihugu ca Congo kiri mu kangaratete. Muri iryo jambo nyene, yongeye gusaba kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU gukora ico rishoboye ngo rifashe gutuza uturwi tw’iterabwoba tugisibije mu bihugu vy’akarere.