Amakuru
10 mars 2023

Ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi rihamagarira abakenyezi kwijukira gukoresha ubuhinga bwa none

Leta ikwiye gutegura inyigisho ku bakenyezi bo mu Burundi zerekeye gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi, kugira ngo bifashe umukenyezi wese mu bisata bitandukanye. Bisabwa na Emérence Bucumi, arongoye Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu. Hakaba hari mu gihe kw’itariki ya 8 Ntwarante isi yose yariko irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umukenyezi. Mu Burundi ivyo birori bikaba vyahimbarijwe mu ntara ya Cibitoke.