Amakuru
22 août 2022

Abakenyezi 3 ni bo bishwe n’abagabo babo mu mezi 4 aheze mu ntara ya Kirundo

Abakenyezi batatu ni bo bamenyekanye ko bishwe n’abagabo babo mu mezi ane aheze mu ntara ya Kirundo. Uwa nyuma ni Clotilde Rwasa wo ku mutumba Gatwe, komine Ntega. Akaba yishwe mw’ijoro ryo kuwa 14 Myandagaro uno mwaka. Ubwo bwicanyi bukaba buteye umutima uhagaze Ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu. Emérence Bucumi, arongoye iryo huriro, asaba ubutungane gukurikirana no guhasha abakora ayo mabi akorerwa abakenyezi.