Umukenyezi 1 yarishwe, uwundi nawe aranyuruzwa, imiyabaga 6 irafatwa ku nguvu hamwe n’abandi bana 4 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegerenyo c’ukwezi kwa Nzero 2022 c’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Claudine Ndayishimiye, umwe mu bagize uwo muhari, asaba ubutungane kuri abo bakorewe ayo mabi.
Amakuru
12 février 2022