Amakuru
9 juillet 2021

Ihagarikwa ry’abatavuga rumwe na Leta ridakurikije amategeko ni ikimenyetso c’ubutungane budakora

Ihagarikwa ku bwinshi ry’abanywanyi b’umugambwe CNL hamwe na bamwe mu bahoze mu gisirikare c’Uburundi ex-FAB rimaze iminsi ryibonekeza muri ico gihugu, ngo rirerekana ko ata matohoza ahagije ubutungane bukora kugira hamenyekane vy’ukuri abamaze iminsi batera igihugu mu duce dutandukanye tw’igihugu. Ivyo ni ibivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Kuri we, ngo ni imvo za politike mu gihe umuntu wese afise uburenganzira bwo kuja mu mugambwe ashaka.