Amakuru
28 avril 2023

Ihagarikwa rya Alain Guillaume Bunyoni, ni amahirwe yo kuronka ubutungane mu Burundi, ku bwa HRW

Ihagarikwa ry’uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni, ryategerezwa gukurikirwa n’amatohoza y’ubutungane ku mabi yakozwe n’inzego z’umutekano mu gihugu mu gihe yari arongoye umutekano mu gihugu. Ni ko bisabwa na Clémentine de Montjoye, umushakashatsi ku mugabane wa Afrika mw’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch. Agasaba ubutungane bw’Uburundi kwigenga muri ayo matohoza kugira hazocibwe urubanza rukurikije amategeko, budakoreye ku mvo za politike canke iz’umugambwe.