Environnement
22 septembre 2021

Ihadabu ry’amafranga 10.000 rizotuma hubahirizwa isuku mu gisagara ca Bujumbura

Ihadabu ry’ibihumbi cumi vy’amafaranga y’amarundi niryo rizotangwa ku muntu azofatwa yataye imyanda mw’ibarabara. Iryo hadabu rizotangwa no ku muntu wese azofatwa yahonyoye amashurwe yatewe mw’ibarabara. Bivugwa na Rénovat Sindayihebura, musitanteri wa komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Uwo musintaneri avuga kandi ko iyo ngingo yo gutanga iryo hadabu izotangura gushirwa mu ngiro kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2021.