Amakuru
5 octobre 2022

Abadandaza batubahiriza ibiciro vyashinzwe na leta bagiye guhanwa

Umudandaza wese atubahiriza igiciro c’isima ya BUCECO agiye gucirwa amande. Bimenyeshwa na musitanteri wa komine Mukaza, Rénovat Sindayihebura. Akavuga ko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko kuko amamangazine azorenga ku mafaranga y’amarundi 24500 azonugarwa, ivyo kandi bikazoba no ku biciro vy’ibindi bidandazwa nk’isukari n’ibinyobwa vya BRARUDI.