Amakuru
10 octobre 2023

Igurishwa ry’ibibanza vya leta ata co vyakorewemwo ririhanikirijwe (Dieudonné Dukundane)

Umuntu wse afise ikibanza atahawe na leta muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura arafise ububasha bwo kukigurisha. Ivyo bisigurwa n’umushikiranganji w’Inyubako. Dieudonné Dukundane yabivuze ku munsi wa mbere aho yavuze ko ibibanza vyonyene bizosubizwa mu minwe ya leta ari ibitakorewemwo ivyari bitegekanijwe mu kiringo kiri mu masezerano yashizweko umukono na nyene kuharonswa hamwe na leta. Akongerako y’uko abariko baragurisha ivyo bibanza vyatanzwe na leta ata co vyakorewemwo bazokurikiranwa n’ubutungane.