Amakuru
9 juin 2021

Igituma Inama Nkenguzamateka yatanguje ibiganiro ku bijanye n’ivyabaye mu Burundi mu mwaka w’1972

Kuva kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza umwaka w’2021 Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yaratunganije ibiganiro ku bijanye n’ivyabaye mu Burundi mu mwaka w’1972 ku civugo kivuga ngo « Kwibuka no guha izina ribereye ivyabaye mu mwaka w’1972 ». Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera, yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 07 Rusheshi. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akamenyesha ko hamaze kuremeshwa ibiganiro bitatu kandi hategekanijwe n’ikindi kigira kane kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka w’2021. Emmanuel Sinzohagera yanamenyesheje igituma urwego arongoye rwifuje gutanguza ico gikorwa.