Amakuru
23 novembre 2023

Igitsure c’amakungu gitumye igisirikare ca Congo cihakana Interahamwe

Kugira Congo yemere ko ikorana na FDLR vyavuye ku gitsure ca Amerika. Ariko rero bizoyigora kugira ibikure kuko bakwiye mu nzego zose z’igisirikare cabo. Uko ni ko Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akurikiranira hafi ibibazo vy’umutekano mu buseruko bwa Congo, abona ivyo biheruka kuvugwa n’umuvugizi w’igisirikare ca Congo. Ku bwa Albert Rudatsimburwa, ikibazo cari kigeze ahakomeye kuko FDLR iri ku mupaka hamwe n’abasoda ba Congo kugira batere Urwanda.