Amakuru
27 mai 2021

Igisirikare c’Urwanda carashoboye gutesha imirwi yitwaje ibirwanisho y’umuhari FLN

Igisirikare c’Urwanda carashoboye gutesha imirwi yitwaje ibirwanisho y’umuhari FLN urwanya Urwanda mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana uheze igihe bashaka gutera baciye mu burengero bw’Urwanda. Mw’itangazo igisirikare c’Urwanda casohoye, abateye baje bava mu Burundi kandi bongera barahunga basubira mu Burundi. Muvyo igisirikare c’Urwanda cafatanye abo barwanyi, harimwo impuzu z’igisirikare c’Uburundi.