Amakuru
4 mai 2023

Igisata co kumenyesha amakuru mu Burundi kirafise ibibazo mu kuntu gitunganijwe

Ibimenyeshamakuru bikorera mu gihugu c’Uburundi ngo ntivyitaho kuvuga amakuru ateza imbere igihugu n’urwaruka, ahubwo bishima kuvuga amakuru aryohera ugutwi gusa. Ivyo ni ibivugwa na Dr Francois Xavier Mureha, arongoye ikigo CARID-RGL kijejwe ubushakashatsi muri Kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika. Hari kuri uyu wa 3 Rusama aho bari mu ruganda rwo kumenyesha ubushakashatsi bwerekeye ukungene igisata c’ukumenyesha amakuru corushiriza gutera imbere ico kigo kimaze umwaka gikora kibifashijwemwo n’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi. Dr Francois Xavier Mureha agasaba ko abantu bose bajejwe guteza imbere igisata co kumenyesha amakuru botorera inyishu ico kibazo mu gutegura inyishu no mu gukebura abamenyashamakuru.