Amakuru
22 juin 2023

Abamenyeshamakuru bategerezwa kwigishwa neza ivy’ubuhinga bwa none

Abamenyeshamakuru bategerezwa guhabwa ubumenyi bukwiye kugira barangure neza umurimo wabo. Ni co gituma hashinzwe umugambi wo gufasha ibinyamakuru, PAPROM. Uwo mugambi ukaba washinzwe n’ikigo CARID-RGL kijejwe ubushakashatsi. Dr François Xavier Mureha, arongoye ico kigo, amenyesha ko hari ibikorwa vyategekanijwe muri ino ndwi kugira basuzume neza ivyigwa bitangwa mu makaminuza yigisha umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.