Amakuru
29 septembre 2023

Igipolisi kigenzura amabarabara kigiye gukoresha ubuhinga bwa none

Hagiye gukoreshwa ubuhinga bwa none mu gutoza amakori y’amakomine hamwe no guhana abahonyanga amategeko y’ibarabara. Bivugwa n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Hari mu kiganiro yatanze kuri uyu wa kabiri ari kumwe n’uwuserukira igihugu c’Ubuchinwa mu Burundi. Martin Niteretse amenyesha ko bizotuma ivyo kurya ibiturire bigabanuka.