Amakuru
18 octobre 2023

Igipolisi c’Uburundi kigiye guhasha abakorera ivyaha ku mbuga ngurukanabumenyi (Pierre Nkurikiye)

Ubushikiranganji bw’Umutekano bumenyesha ko bwahagaritse abantu bakurikiranwa ku busuma bukorwa ku rwenge no gucafuza abantu bikorwa biciye ku mbuga ngurukanabumenyi. Muri abo harimwo umumenyeshamakuru Kenny Claude Nduwimana hamwe na Médard Muhiza, yahora akorera mu buserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Congo. Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano, yemeza ko abo bakekwa gukora ivyo vyaha bakorana n’abandi bantu bakoresha urubuga rwa Twitter ku mazina atari ayabo.