Amakuru
16 mars 2022

Igipolisi carahagaritse ikiganiro cabo, ariko basohoye urwandiko

Ivyo amashirahamwe PARCEM na OLUCOME yari yategekanije gushikiriza ku munsi wa mbere, igihe igipolisi cababuza kubandanya ikiganiro bariko baha abamenyeshamakuru, vyaruhiye kumenyekana. Kuko mu nyuma baciye basohora urwandiko harimwo ivyo basaba, nko kubangira ku ngingo y’umushikiranganji ajejwe umutekano yo kubuza amakinga, amapikipiki n’amatukutuku gushika mu muji wa Bujumbura no mu micungararo yawo, no gushiraho umurwi w’abahinga kugira bige bikomeye ikibazo co kwunguruza abantu n’ibintu mu Burundi.