Amakuru
16 février 2023

Igihe hasasa umucamanza umwe mu masentare, bizotuma umutekano wiwe uba ubangamiwe gusumba

Itegeko rishinga ko mu ntahe y’icese hagiye gusasa umucamanza umwe mu masentare rizotuma vyoroha ko abacamanza baterwa ubwoba n’ubutegetsi bushaka kubakoresha. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Akabona ariko ko hamwe leta yofata ingingo zo gukingira abacamanza, iryo tegeko ryofasha ko abacamanza badasubira guca imanza za ngondagonde kuko ubu ata wuzosubira kwinyegeza mu bandi mu guca urubanza.