Agriculture
20 juillet 2023

Igiciro c’isukari kigiye kuduzwa

Mu ntumbero y’uko ihinguriro SOSUMO ryobandanya rikora neza, leta itegekanya kuduza igiciro c’isukari. Vyatangajwe n’umushikiranganji w’Uburimyi. Hari ku munsi wa gatatu aho yari yaramutse agendera iryo hinguriro, kugira atanguze isekeza ryo kwimbura ibikaju.