Amakuru
24 mai 2022

Igandagurwa rya Zedi Feruzi, kimwe mu vyerekana ko ata butungane buri mu Burundi

Imyaka indwi inyuma y’igandagurwa ry’uwari arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, Zedi Feruzi, hamwe n’umwe mu bamucungera umutekano, ngo nta kintu na kimwe kirakorwa n’abategetsi b’Uburundi kuri ubwo bwicanyi. Bimenyeshwa n’umukuru w’uwo mugambwe, aho adakekeranya ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’inzego za leta. Chauvineau Mugwengezo agasaba amatohoza yigenga kuri ubwo bwicanyi kugira ababikoze bashengezwe, atari uko na ho, ngo uwo mugambwe uriko urategura gushingisha urubanza mu masentare mpuzamakungu.