Amakuru
12 octobre 2022

Ifaranga ry’Uburundi ryataye agaciro ku bice birenga 70% mu myaka 2 gusa

Ifaranga ry’Uburundi ryarataye agaciro kuva mu mwaka w’2020 gushika ubu ku rugero rurenga ibice 70%. Urugero rutari bwagerweko mu myaka 50 iheze. Iyugururwa ry’amazu avunjishirizwamwo amafaranga, no kworohereza abarungikirwa amafaranga y’agaciro ngo ntibizotuma igihengeri mu vy’ubutunzi mu Burundi gihera canke ngo kigabanuke, ngo hakwiye nyabuna politike nziza yorohereza abanyamitahe kugira baze gukorera mu gihugu batikanga kunyagwa canke kugirirwa nabi. Biri mu cigwa casohowe n’umuhari MAP-Burundi Buhire, aho bavuga ko mu Burundi abanyamitahe batoroherezwa. Akarorero batanga ni ibiriko biba ku bitaro Kira Swiss Clinic. Ku bwa André Nikwigize, icegera c’uwurongoye uwo muhari, ngo hakwiye nyabuna ibiganiro bihuza abegwa bose na politike y’Uburundi, umuhari w’Imbonerakure ukakwa ibirwanisho ukanasubizwa mu buzima busanzwe, maze Abarundi bagasubira kubana mw’ituze, ivyotuma n’abanyamitahe bazana imitahe yabo ata co binona.