Amakuru
12 janvier 2021

Icegeranyo giherutse gusohorwa n’uwurongoye umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR kirimwo ibinyoma vyinshi uhereye ku bateye mu bumanuko bw’igihugu

Icegeranyo giherutse gusohorwa n’uwurongoye umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR kirimwo ibinyoma vyinshi uhereye ku bateye mu bumanuko bw’igihugu. Bamwe mu bavuka muri ico gice c’igihugu, baribuka bamwe mu bavuzwe mu bagize ico gitero, nabo bakaba bari baje bavuye mu myimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Tanzaniya na Congo, kandi bari bamwe mu bahutu b’abarundi. Novat Nintunze arongera akabeshuza ko ata nteguro leta yigeze igira yo kwica abahutu imbere y’ico gitero, ariko akagiriza leta y’ico gihe ko yishe bamwe mu bahutu batari bigeze bifatanya n’abari bateye igihugu.