Amakuru
17 août 2021

Icaha co kunyuruza ni icaha kidahanagurwa

Imiryango y’abanyurujwe ikwiye kumenya ko ishobora kwitwara mu masentare menshi yo hanze kugira yuzurizwe. Ako ni akamo duterwa n’urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa n’amasentare mpuzamakungu (CAVIB) mw’isekeza ryo guhimiriza abanyagihugu ngo bamenye ukuntu bokwikingira ivyago vyo konyuruzwa ukaburwa irengero. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urwo runani, akavuga ko ico caha co kunyuruza ari icaha kidahanagurwa.