Amakuru
31 août 2023

Ibohero ry’i Muyinga ryabereye amagorwa ntangere Floriane Irangabiye

Umuntu avuze ko ipfungwa rya Floriane Irangabiye ryamubangamiye cane ntiyoba abeshe. Ufatiye ku kumwankira kwivuza indwara imurembeje, ugukubagurwa n’ugutukwa bidahengeshanya, hamwe n’umunyororo yakatiwe, icibonekeza ni uko yahaboneye amakuba adasanzwe. Akamo na ko katewe kava mu mihingo itandukanye y’isi kugira uwo mumenyeshamakuru arekurwe, kakaba n’ubu katarumvirwa.