Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ntirikwiye kugwa mu mutego ngo rikureho ibihano vyafatiwe Uburundi nk’uko bisabwa n’Umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE. Uwo munyamategeko akamenyesha ko ibivugwa n’umuryango wa EAC ko mu Burundi ubu hari amahoro ata shingiro bifise, kuko ubwicanyi ndengera butungane, kutihanganiranira mu vya politike n’ayandi mabi bikibandanya ukuri kwamye mu Burundi.
Amakuru
15 juin 2021