Amakuru
15 septembre 2023

Ibitigiri vy’abigeme baja mu bisata vy’ubuhinga biri hasi cane

Abigeme bahamagarirwa kwiga mu bisata vy’ubuhinga. Ni akamo gaterwa n’umushikiranganji w’Indero n’ubushakashatsi. François Havyarimana yabishikirije ku munsi wa kane aho yariko atanguza ikibazo co kwinjira mu bisata vy’akarorero muri kaminuza i Bujumbura. Aho ni inyuma y’aho aboneye ko ibitigiri vy’abigeme baje gukora ico kibazo vyari hasi cane ku bice 18% gusa. Agahamagarira abigeme gutsinda ubwoba maze bakiga ivyo vyigwa.