Abigeme bahamagarirwa kwiga mu bisata vy’ubuhinga. Ni akamo gaterwa n’umushikiranganji w’Indero n’ubushakashatsi. François Havyarimana yabishikirije ku munsi wa kane aho yariko atanguza ikibazo co kwinjira mu bisata vy’akarorero muri kaminuza i Bujumbura. Aho ni inyuma y’aho aboneye ko ibitigiri vy’abigeme baje gukora ico kibazo vyari hasi cane ku bice 18% gusa. Agahamagarira abigeme gutsinda ubwoba maze bakiga ivyo vyigwa.
Amakuru
15 septembre 2023