Amakuru
2 mars 2023

Ibiro vyo gukingira abantu, ivyabo n’ibibakikije, bikeneye gufashwa kugira bikore neza

Igisata co gukingira abantu n’ivyabo gitegerezwa gushigikirwa kugira gishobore gukinga ibiza n’isibe. Ako ni akamo ka Martin Niteretse, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano. Yabivuze ku munsi wa kabiri, buca hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira abanyagihugu, ivyabo n’ibibakikije uhimbazwa itariki ya 01 Ntwarante. Umushikiranganji agahamagarira ibisata bitandukanye kwitanga kugira ico gisata cisununure.