Amakuru
18 janvier 2024

Ibirego vy’Uburundi ku Rwanda nta fatiro bifise (Albert Rudatsimburwa)

Ivyo abategetsi b’Uburundi bagiriza igihugu kibanyi c’Urwanda nta fatiro bifise. Abagize igitero muri zone ya Gatumba binjiye mu Burundi bavuye mu gihugu ca Congo. Bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda, muri iki gihe hari icuka kibi hagati y’ibi bihugu bibiri, kugeza aho Uburundi bufata ingingo yo kwugara imipaka buhana n’Urwanda. Ariko abo bategetsi b’Uburundi ngo bakaba bariko barirengangiza ko Urwanda rwarungitse imitahe y’Abanyarwanda 16 baba mu Burundi bagirizwa kuba baragize uruhara mw’ihonyabwoko ry’Abatutsi ryabaye mu 1994.