Amakuru
30 janvier 2021

Ibimenyeshamakuru na Leta bitegerezwa kwumvikana kugira bikorane ku neza y’igihugu

Ibimenyeshamakuru na Leta bitegerezwa kwumvikana kugira bikorane ku neza y’igihugu. Ico ni icipfuzo cashikirijwe na Evariste Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu yabishikirije ku munsi wa kane, aho yariko ahura ubwa mbere n’abayobozi b’ibimenyeshamakuru. Akaba yasavye ikigo CNC, kijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru n’ingene amakuru atangwa mu Burundi, ko cokwihuta kikicarana n’ibinyamakuru vyafatiwe ibihano, kugira batorere inyishu ikibazo kiri hagati yavyo na Leta.