Abanyeshure bagira ibikorwa vy’ubushakashatsi muri kaminuza y’Uburundi bakwiye kuza baravyandika mu rurimi rw’Ikirundi. Dr François Havyarimana, umushikiranganji w’Indero, akaba yabishikirije kuri uno wa kabiri aho mu Burundi bahimbaza umunsi wahariwe ururimi kavukire. Akaba yamenyesheje ko ibikorwa vy’ubushakashatsi vyakozwe kuva mu mwaka w’2009 gushika mu 2019 birenga 800, ariko ivyakozwe mu Kirundi ari bike cane.
Amakuru
20 avril 2022
