Amakuru
7 septembre 2023

Ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa rusangi bigiye gutangurira muri quartier Socarti

Inyubakwa rusangi za mbere zizokwinjirwa mu mwaka umwe n’igice. Ivyo ni vyo abahinga mu vy’inyubako bamenyesheje. Bikaba vyavuzwe n’umushikiranganji w’Inyubako ku munsi wa mbere. Dieudonné Dukundane yari yagendeye quartier Socarti, hamwe mu hazokwubakwa izo nzu. Akaba yari aherekejwe n’abaserukira amabanki yiyemeje gushira imitahe muri uwo mugambi.