Amakuru
18 janvier 2023

Ibikorwa vyo kugira amazi ya gusa aboneke vyaratanguye muri karitye Bukirasazi i Bujumbura

Amabombo y’amazi 14 ni yo agiye gushirwa muri karitye Bukirasazi, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura. Jimmy Hatungimana akaba yari yishikiye aho i Bukirasazi ku munsi wa mbere kugira atanguze ivyo bikorwa. Akavuga ko bigamije gukingira abanyagihugu ikiza ca choléra kimaze kwibonekeza mu bice bimwe bimwe vy’ico gisagara. Amazi azoca muri ayo mabombo azoba ari aya gusa.