Amabombo y’amazi 14 ni yo agiye gushirwa muri karitye Bukirasazi, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura. Jimmy Hatungimana akaba yari yishikiye aho i Bukirasazi ku munsi wa mbere kugira atanguze ivyo bikorwa. Akavuga ko bigamije gukingira abanyagihugu ikiza ca choléra kimaze kwibonekeza mu bice bimwe bimwe vy’ico gisagara. Amazi azoca muri ayo mabombo azoba ari aya gusa.
Amakuru
18 janvier 2023