Intebe zababa ibihumbi ijana ziriko zirakorwa mu makomine yose y’igihugu kugira zizohabwe amashure. Hakaba n’ibindi bikorwa bitandukanye, nko kugaburira abana barenga ibihumbi amajana atandatu mu mashure. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Indero, igihe yariko ashikiriza kuri uno wa mbere ivyatunganijwe n’ubushikiranganji arongoye muri aya mezi atatu ya mbere y’umwaka wa leta. François Havyarimana akavuga ko ari ibikorwa bizotuma abana biga neza kurusha.
Amakuru
31 octobre 2022
