Amakuru
24 décembre 2021

Ibihugu bigize umuryango wa EAC bikwiye kuja hamwe mu kurwanya ikiza ca Corona

Umukuru w’igihugu c’Urwanda ahamagarira ibindi bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko gushira inguvu hamwe kugira batuze ikiza ca Corona. Paul Kagame akaba yabivugiye mu nama yahuje abakuru b’ibihugu bihurikiye muri kano karere, inama yabaye kuri uyu wa gatatu. Akaba yanakeje igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kw’iyemezwa ry’iyinjira ry’ico gihugu mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.