Amakuru
27 septembre 2022

Ibihugu bigize EAC bihamagarirwa kwubahiriza itegeko rigenga Umuryango wa Afrika y’ubuseruko

Ni ngombwa y’uko amaleta yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ahinyanyura amategeko kugira yisunge itegeko rigenga uwo muryango. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’uwurongoye Sentare y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu nama yagiranye n’abarongoye inzego z’ubucamanza mu Burundi. Nestor Kayobera yamenyesheje ko kwubahiriza amategeko mu manza zicibwa, bituma ukwitwarira amaleta muri urwo rwego bigabanuka, bikagabanya kandi n’imanza zikwegera leta.