Amakuru
18 mai 2024

Ibihano vyafatiwe FEBABU vyabaye bito kubera inyifato y’abayirongoye (T. Harerimana)

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaboko basketball FIBA ryaraye rifashe ingingo zihana ishirahamwe ry’Uburundi ry’uwo mukino FEBABU. Bikaba vyavuye ko FEBABU itubahirije amategeko mu nkino za BAL zabereye muri Afrika y’epfo mu kwezi kwa Ntwarante guheruka. Ariko rero ibihano vyafashwe bisa n’uko iryo shirahamwe ry’Uburundi ryagiriwe ikigongwe. Kubera ivyo bihano ari ivy’uguhagarikwa mu mahiganwa mpuzamakungu ukwezi kumwe gusa, na kwo nyene kukaba kwaraheze kubera iyo ngingo itangurana n’itariki 12 Ndamukiza. Ubwa mbere FIBA yari yavuze ko ico gihano gishobora kuba ic’imyaka itanu. Ikindi gihano ni ukuriha ihadabu ry’amafaranga y’amaswise ibihumbi 50, ashaka kungana uko nyene mu madolari y’amanyamerika. Ariko FIFA igitangura kugabisha FEBABU yari yavuze ko ishobora guhanishwa ihadabu ry’ibihumbi 500 y’amadolari. Izo ngingo rero zikaba zikezwa n’abatari bake. Akarorero ni nka Tharcisse Harerimana, umumenyeshamakuru w’umuhinga mu vy’inkino. Akavuga ko ivyo vyavuye ko uburongozi bwa FEBABU bwahavuye buvyifatamwo neza, mu kwemanga amakosa no gusaba ikigongwe.