Amakuru
29 novembre 2023

Ibihano ku bakora amabi afatiye ku gitsina bikwiye kwongerezwa (Angeline Ndayishimiye)

Ubutungane bw’Uburundi bukwiye guhagurukira abakora amabi afatiye ku gitsina kugira ntihagire ababandanya bakora bene ayo mabi. Ni akamo k’umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu. Angeline Ndayishimiye yabishikirije ku munsi wa mbere mu ntara ya Kirundo igihe hatangurwa isekeza ry’iminsi 16 yo kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Yasavye ko ibihano vyokwongerezwa ku bakora ico caha kugira kiranduranwe n’imizi mu Burundi. Iryo sekeza ryo kurwanya amabi afatiye ku gitsina rikaba ritangura buri wa 25 Munyonyo kw’isi.