Amakuru
14 août 2023

Ibiganiro birabandanya kugira abakinyi ba handball batakariye muri Croatie batorwe kandi bagarukanwe

Uburundi buzofatirwa ibihano n’Ishirahamwe mpuzamakungu rya handball. Bimenyeshwa na Rémy Barampama, umuyobozi mukuru ajejwe politike n’umutekano mu bushikiranganji bw’Inkino n’urwaruka. Akaba abishikirije inyuma y’aho abakinyi cumi bari mu bagize umurwi w’igihugu wa handball bari bagiye mw’ihiganwa ry’isi muri Croatie baburiwe irengero. Rémy Barampama akavuga ko ivyo bizogira ingaruka nyinshi mbi harimwo guha ishusho mbi igihugu. Akamenyesha ko hari ibiganiro hagati ya leta y’Uburundi n’Ishirahamwe mpuzamakungu rya handball kugira hamenyekane aho abo bakinyi bari hanyuma bagarukanwe mu Burundi.