Amakuru
21 mars 2024

Abakunzi ba basketball bareme inyuma y’ivyashikiye Dynamo kuko leta ntiyicaye

Leta y’Uburundi ivuga ko yababajwe n’ivyashikiye umurwi wa Dynamo. Bishikirizwa na Rémy Barampama, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Inkino. Arahumuriza abakunzi b’urukino rwa basketball ko leta ata co itariko irakora kugira urwo rukino rubandanye neza mu Burundi kandi rutere imbere.