Amakuru
15 mars 2024

Ingingo yo gukura Dynamo muri BAL yafashwe ku bishobisho (Bamvuginyumvira)

Hategerezwa gukorwa amatohoza kugira hamenyekane ingene abateguye inkino za basketball ziriko zibera muri Afrika y’epfo bemeye gushira izina ry’igihugu ku myambaro y’imirwi y’ibindi bihugu bitarinze kubimenyeshwa. Ivyo bisabwa na Révérien Ndikuriyo. Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD avuga ko gukura umurwi Dynamo muri iryo higanwa kwakurikije amategeko. Ariko rero hari abatari bake batabibona uko. Aha twovuga nk’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR Arusha. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye CFOR-Arusha, ngo iyo ngingo yafashwe ku bishobisho, ikaba ifise ingaruka mbi nyinshi, uhereye ku kwononera urwaruka kazoza karwo. Frédéric Bamvuginyumvira akavuga ko bitari bikenewe gufata ingingo ituma imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yunyuka.