Amakuru
28 octobre 2023

Ibiganiro bihuza Abarundi bose ni vyo bizokiza igihugu (Fortuné Gaetan Zongo)

Agateka ka zina muntu ntikateye imbere kuva mu mwaka w’2022, kandi ihonyangwa ry’agateka k’abana n’abakenyezi rigashobora gusubiza inyuma bikomeye igihugu. Bishikirizwa n’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Fortuné Gaetan Zongo, aherutse kwongerwa ikiringo co kuza arakwirikirana ingene ivy’agateka ka zina muntu vyifashe mu Burundi. Amenyesha ko ikibazo nyamukuru igihugu gifise, ari uko hari akarwi kihariye ubutegetsi kandi kadashaka kwicarana n’abandi Barundi kugira baganire kuri kazoza k’igihugu. Ni mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » c’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA na Télé Renaissance.