Amakuru
8 août 2023

Ibidukikije birageramiwe n’ibikorwa bikorerwa mu nzuzi zimwe zimwe

Ibikorwa vyo gucukura umusenyi n’amabuye vyarahagaritswe mu nzuzi zitatu zica hagati mu gisagara ca Bujumbura. Izo nzuzi ni Kanyosha, Kizingwe na Mugere. Umushikiranganji w’Ibidukikije yashikirije iyo ngingo asigura ko ari kubera ivyo bikorwa bidakurikiza amategeko, bigaca bihungabanya ibidukikije. Sanctus Niragira yabivuze igihe yari yagendeye aho ivyo bikorwa bigirirwa mu mpera z’indwi iheze.