Amakuru
8 novembre 2023

Ibiciro vya essence na mazout vyagabanutse mu Burundi (Ibrahim Uwizeye)

Igiciro c’igitoro ca essence na mazout cagabanutse mu Burundi. Ilitiro ya essence mu gisagara ca Bujumbura yavuye ku 4 550 ija ku 4 350, ni ukuvuga ko havuyeko amafaranga 200, na yo mazout yahora ku 4 395 ikazogurwa 4 235. Ni ivyashikirijwe kuri uyu wa mbere itariki 6 Munyonyo n’umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu. Ibrahim Uwizeye akaba yamenyesheje ko igiciro cagabanutse kubera ko no kw’isoko mpuzamakungu igiciro cagabanutse.