Haracibonekeza ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu no kubuza ubwigenge abanyagihugu mu Burundi, nk’uko biri mu cegeranyo c’umurwi wigenga wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi. Uwurongoye uwo murwi Doudou Diène, mu kiganiro yaremesheje kuri uyu wa kane, yibukije ko igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu arico gikwiye kumenya nimba hagikenewe umurwi ukora amatohoza, canke urundi rwego rushobora kuguma rukwirikirana amabi akorwa mu Burundi. N’aho avuga ko bakoreye mu ngorane nyinshi, ariko arashima igikorwa umurwi arongoye wakoze.
Amakuru
17 septembre 2021
